Catalan English French German Italian Portuguese_portugal Spanish

                  (Traducció d'una homilia pronunciada el 2012 a Burundi. L'original el podeu llegir a continuació)

          Germans en Crist: Hi ha sords de dues castes. Hi ha uns sords que no hi senten, i n'hi ha uns altres que no hi volen sentir, perquè no saben escoltar. Els sords que no hi senten, si no s'han cercat una altra manera d'escoltar les notícies, de conversar i de posar-se d'acord amb l'altra gent, es tanquen dins ells mateixos i s'aïllen del seu entorn. Els altres sords, els que no saben escoltar, aquests són els més difícils, com els fills que no escolten els consells dels pares, o com els pares que no saben escoltar ni parlar amb els seus fills, o com els que només es miren i s'estimen a ells mateixos, i no es preocupen pels altres ni per altres coses, que no siguin només ells.
          Avui a la lectura de l'Evangeli hem escoltat que Jesús va curar un sord. I hem sentit que Jesús explica que el Regnat de Déu és a prop, però no ho explica només amb paraules, sinó que ho demostra amb fets. Jesús dona compliment a les paraules del profeta Isaïes, que també hem escoltat avui, quan diu: "Aquest és el Senyor, el vostre Déu: el temps de la salvació ha arribat, Déu se n'ha recordat de vosaltres, és ell qui ha vingut a salvar-vos. Els ulls del cec hi veuran, les orelles del sord s'obriran..." Per als primers cristians, amics, els qui encara no estaven batiats eren com a cecs i sords, perquè esser cristians per a ells era tant com obrir uns altres ulls, que són els ulls de la fe, que ens fan veure el món i la gent d'una altra manera, és a dir amb els ulls de Jesús. Esser cristians era com tenir unes altres orelles, que són les orelles de la fe, que ens donen la possibilitat d'escoltar la Paraula de Déu i de poder conversar amb Jesús i compartir amb ell les seves preocupacions.
          La salvació que Jesús oferia a la gent d'aquell temps era la mateixa que ens ofereix a nosaltres, és la salvació d'obrir els ulls de la fe i veure, és la salvació d'obrir les orelles de la fe i escoltar. Vegem i escoltem no a fi que cadascú rebi pel seu compte allò que necessita ell per poder viure, o per esser feliç. La salvació de Jesús consisteix a escoltar-lo a ell, i també escoltar l'altra gent, de manera que els beneficis de Jesús que hem començat a rebre nosaltres, aprenguem a fer-los arribar també als altres.
          Hi ha una altra lliçó a la lectura de l'evangeli d'avui. Fixem-nos que el qui cercava Jesús no era aquell sord, sinó que eren els qui l'havien vist els qui el dugueren davant Jesús, i intercediren per ell a fi que Jesús el curàs. Això ens ensenya que la nostra missió, la missió dels qui van amb Jesús és la de mirar per tots els costats per saber qui són els desgraciats i els pobres, a fi que els facem arribar devora Jesús, perquè els curi.
          El tros de la lectura de Sant Jaume que hem escoltat avui també ens transmet una lliçó ben important. I és aquesta: A davant Déu tots som iguals; Déu no té preferits; el qui mereix esser respectat i estimat més que els altres no és ni el qui té el càrrec més important ni el més ric, perquè Déu ens estima a tots amb el mateix amor. Però, si Déu n'hagués de preferir alguns, per estimar-los més que els altres, començaria per triar els més pobres i els més desgraciats, no perquè els estima més, sinó perquè sap que són ells els qui no tenen qui els estima, i sap que són ells els qui més necessiten esser ajudats i estimats.
          Demanem a Déu, durant un momentet de silenci, que ens obri els ulls del cor i puguem creure, i aprenguem a mirar sempre a Jesús per seguir-lo, i ens comportem com ell, mirem qui són els desgraciats i els pobres del nostre entorn per anar-los a ajudar. Demanem a Déu que ens obri les dues orelles, una que ens faci escoltar sempre la seva Paraula, i l'altra que ens faci sentir la veu dels necessitats, perquè els anem a socórrer. Amén.
---------------

                             Insiguro yo ku musi w'Imana wo mu mwaka 23 -B

          Bavukanyi muri Kristu: Hari intumva z'ubwoko bubiri. Har'abatumva kuko bapfuye amatwi, hariho n'abandi bigira ibitumva, kuko batazi kwumviriza n'ugutega amatwi. Intumva yapfuye amatwi, itirondereye ubundi buryo bwo kumenya amakuru, no kuganira no kwumvikana n'abandi, iguma iri mu vyiyumviro vyayo vyo nyene, yibana yo nyene. Izindi ntumva, ari zo z'izo zitazi kwumviriza, ni zo zigorana kuruta, nk'abana batumviriza impanuro z'abavyeyi, nk'abavyeyi batazi kwumviriza no kuganira n'abana babo, nk'abiraba bo nyene, bikunda bo nyene gusa, ntibitwararike abandi n'ibindi, atari ibibaraba bo nyene gusa.
          Uyu musi mu gisomwa c'Injili twumvise ingene Yezu yakijije intumva. Tubona ko Yezu asigura ko Ubwami bw'Imana buri hafi, ariko ntabisigura mu majambo gusa, kuko avyerekana no mu vyo akora. Yezu arangura amajambo y'umuhanuzi Izaya, twumvise n'ayo uyu musi, ng'aya: "Ng'uyo Umukama Imana yanyu: igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. Amaso y'impumyi azoca akanura, amatwi y'intumva azibuke..." Ku bakristu ba mbere, bagenzi, abatarabatizwa bari bameze nk'impumyi n'intumva, kuko kuba abakristu kuri bo vyari bimeze nk'ugukanura ayandi maso, ari ay'ukwemera, kudutuma kubona isi n'abantu ukundi, tubikuye kuri Yezu. Kuba abakristu vyari bimeze nk'ukuronka ayandi matwi, ari ay'ukwemera, kuko twumva Ijambo ry'Imana, tukumva n'insiguro za Yezu, tukumva utuyago twiwe, n'imyitwarariko.
          Urukiza Yezu yashikirije abantu bo muri co gihe, ni rumwe adushikiriza na twebwe, ni urukiza rwo gukanura amaso y'ukwemera turabe, ni urukiza rwo gutega amatwi y'ukwemera twumve. Turabe twumve s'ukugira ngo turonke umw'umwe ukwiwe ivyo akeneye mu kubaho, aronke n'ibimunezereza. Urukiza rwa Yezu rudutuma kuraba n'ukwumviriza Yezu, turaba twumviriza n'abandi bantu, kugira ngo ivyiza vya Yezu twabanje kuronka, tumenye ingene twoshobora no kubishikiriza abandi.
          Hariho n'iyindi nsiguro mu gisomwa c'Injili c'uyu musi cerekeye icabaye muri co gihe. Raba none: uwarondera Yezu si nya ntumva, abayibonye ni bo bayijanye imbere ya Yezu, bayisabiye ngo Yezu ayikize. Bisigura ko ubutumwa bwacu, ubutumwa bw'abagendanyi ba Yezu ari ubwo kuraba ku mpande zose tumenye abagowe n'abarushwa abo ari bo, kugira ngo tubafashe mu kubashikiriza Yezu kugira ngo bakire.
          Igice c'ibwaruwa c'umutumwa Yakobo tumaze kwumva uyu musi naco nyene kidushikiriza insiguro ihambaye. Ng'iyi: Imbere y'Imana twese turangana; Imana ntigira nkunzi; uwukwiye kwubahwa n'ugukundwa kuruta abandi s'umukuru s'umutunzi, kuko Imana idukunda twese urukundo rungana. Ariko, iyo Imana yari gutora bamwe, ngo ibakunde kuruta abandi, yobanza gutora abarushwa n'abagowe, s'uko ibakunda kuruta, ahubwo ni uko izi ko ari bo batagira ababakunda, ikamenya ko ari bo bakeneye gufashwa n'ugukundwa kuruta.
           Dusabe Imana, muri ako kanya k'agacerere, kugira ngo iduhumure amaso y'umutima tubashe kwemera, twame turaba Yezu, tumukurikire, twigenze nkawe, turabe abagowe n'abarushwa bo mu mihana iwacu ngo tugende kubafasha. Dusabe Imana itwugururire amatwi uko ari abiri, ugutwi kumwe kudutume kwama twumva Ijambo ryayo, ukundi gutwi nakwo kudutume kwama twumva tukumviriza ijwi ry'abakeneye gutabarwa ngo tugende kubafasha. Amen.