Catalan English French German Italian Portuguese_portugal Spanish

(traducció de l'homilia pronunciada fa tres anys a Rabiro - Burundi)
(els curiosos podeu llegir l'original al final de la traducció mallorquina)

          Germans en Crist: Continuam escoltant la lectura seguida de l'evangeli de Marc. Recordem en poques paraules les coses més importants que hem escoltat els passats diumenges, a fi que comprenguem millor les lectures d'avui.
- Jesús, després de ser batiat en el riu Jordà per Joan, va començar a cridar-ne alguns d'entre els qui el seguien, a fi que fossin els seus companys de prop, que són els que anomenam els dotze apòstols.
- Jesús explica als qui els segueixen que el Regnat de Déu és a prop, fins i tot els diu que ja ha arribat, i els mostra com és aquest Regnat, acostant-se als més petits i curant els malalts.
- Algun temps després de ser seguidors de Jesús, els dotze són enviats de dos en dos a anar pel seu compte a explicar la Paraula que Jesús els acabava d'ensenyar, i els dóna la missió d'acostar-se als malalts normals i també als malalts de malalties considerades maleïdes per Déu.
- Supòs que encara ho recordam, Jesús quan els envia de dos en dos els diu: "No dugueu diners dins la butxaca, no dugueu dos vestits, demanau hospedatge i menjau allò que vos oferiran".
          Avui, per tant, a la lectura de l'evangeli hem vist els apòstols que han tornat de la seva missió que Jesús els havia encomanat, els reuneix i els diu: "Veniu i descansau una mica..." Supòs que Jesús volia escoltar com els havia anat en el camí, com havien pogut complir l'encàrrec, per saber les coses bones que havien pogut fer i també les dificultats amb què s'havien pogut trobat.
          Quan estam junts amb Jesús, allò que Jesús vol no és escoltar oracions ni esser adorat, Jesús vol parlar amb nosaltres, vol sentir les notícies que li duim, que li facem saber què hem fet per complir com hem sabut la missió que ens havia enviat a dur a terme.
          Aquesta és, per tant, amics, la primera finalitat de reunir-nos amb Jesús i amb els altres cristians. Aquest és el principal objectiu de reunir-nos plegats en el nom de Jesús: descansar una estona en tornar de la missió, per compartir el bé que hem fet, i per escoltar les paraules que Jesús ens diu per encoratjar-nos a continuar, o per escoltar els seus consells a fi que la missió que anirem a continuar demà la compliguem millor.
          Supòs que ho heu entès així com ho entenc jo. Som cristians, ens hem fet cristians per esser per als altres els continuadors de Jesús, per anar a complir la seva missió. El primer objectiu d'esser seguidors de Jesús és el d'anar a realitzar la missió d'anunciar la Paraula de Déu, sobretot fent el bé a tots quants ens trobem en el nostre camí i els mostrem com Déu, el pare de Jesús, els estima, de la mateixa manera que Jesús ens estima.
          La segona lliçó que trob en aquesta lectura és que ens hem de fer presents sempre que puguem a la reunió de Jesús, quan està amb els seus seguidors, per descansar un poc i per conversar, per donar-los a conèixer lo que hem fet, per conèixer lo que han fet els altres, i per rebre uns altres consells que ens ajudaran a anar demà a continuar a realitzar la missió.
          Jesús no necessita escoltar oracions, necessita que li comptem lo que hem fet i les dificultats que hem tingut. Jesús necessita veure l'alegria que tenim per les coses bones que hem pogut fer als altres en nom seu, i vol compartir la nostra alegria. Jesús necessita sentir quines dificultats hem tingut pel camí per ajudar-nos a superar-les demà.
           Aquesta és, amics, la primera finalitat de l'Eucaristia. Començam per compartir la Paraula, responem cadascú amb un silenci de la boca, però amb un diàleg del cor. Estaria bé, a més, poder compartir la paraula que els altres ens comuniquen. Entre aquestes paraules dels amics reunits que compartim, la paraula més important és la de Jesús, que és la que ens ajudarà a l'altra missió que estarem enviats a realitzar demà.
          Durant aquest mes que ve, a les lectures que llegirem els diumenges, escoltarem unes altres explicacions referents a l'Eucaristia, què és i com l'hem de celebrar. Avui hem escoltat la primera d'aquests explicacions, que ha estat la següent: L'Eucaristia significa posar en comú la missió que hem duit a terme els dies passats, a fi que aprenguem a dur-la a terme millor en els pròxims dies. Amèn.
-------------------
Insiguro yo ku musi w'Imana 16 B

          Bavukanyi muri Kristu: Tubandanya dusoma ibikurikirana dusanga mu njili ya Mariko. Twibuke mu ncamake ibikuru bikuru duheruka gusoma mu misi y'Imana iheze, kugira ngo dutegere kuruta ivyo twumvise uyu musi.
- Yezu avuye kubatizwa na Yohani mu ruzi rwa Yordani, yatanguye guhamagara bamwe bamwe mu bamukurikira ngo bamubere abagendanyi ba hafi, ari bo twita abatumwa ba mbere icumi na babiri.
- Yezu yigisha abamukurikira ababwira ko ubwami bw'Imana buri hafi, mbere ko bwari bwashitse, akabereka ubwo bwami ingene bumeze, mu kwiyegereza abato bato no mu gukiza abarwaye.
- Haheze imisi bari kumwe na Yezu, abatumwa barungitswe babiri babiri ngo nabo bagende ukwabo kwigisha Ijambo Yezu yari yamaze kubigisha, akongera akabarungikana ubutumwa bwo kwiyegereza abantu bafise indwara zisanzwe hamwe n'izindi zihumanya ngo babakize.
- Ngira ngo turacavyibuka, Yezu mu kubarungika babiri babiri yabahanuye ati: "Ntimutware amafranga mu mupfuko, ntimwambare imitamana ibiri, musavye indaro muzorya ivyo bazobazimana".
          Uyu musi rero, mu gisomwa c'injili twasanze abatumwa bagarutse bavuye mu butumwa Yezu yari yabatumye kurangura, nawe abashira hamwe ababwira ati: "Ni muze muruhuke gatoyi..." Ngira ngo Yezu yashaka kwumviriza ingene vyari vyagenze mu rugendo, ingene bari bashoboye kurangura ubutumwa, amenye ivyiza bashoboye kugirira abandi be n'ingorane bashoboye guhura.
           Ng'iyo rero inyigisho ya mbere mbona muri ayo majambo ya Yezu. Tuvuye mu ngo zacu, tuvuye mu mihana iwacu, tuvuye kurangura ubutumwa yari yadutumye kurangura, Yezu ashaka kudukoranya tumumenyeshe ingene vyagenze mu rugendo, tuvugane ico twakoze, amenye ko batwakiriye neza canke bo batwankiye, amenye yuko twashoboye gukiza abarwaye canke ko vyatunaniye.
          Turi kumwe na Yezu, ivyo Yezu ashaka s'ugusabwa s'ugusengwa, Yezu ashaka kuganira natwe, ashaka kwumva inkuru tumutera, tumumenyeshe ivyo twakoze mu kurangura uko twashoboye ubutumwa yari yaturungitse kurangura.
          Ng'ako rero, bagenzi, akamaro ka mbere k'ugukoranira hamwe na Yezu n'abandi bakristu. Ng'iyo rero intumbero inkuru yo gukoranira hamwe kw'izina rya Yezu: ni ukuruhuka gatoyi tuvuye ku kazi k'ubutumwa, tukongera tugasangira ivyiza twagize, tukarondera mu kurorera amajambo atubwira yo kuturemesha ngo tubandanye uko twagize, canke atubwire ayandi majambo yo kuduhanura kugira ngo ivyo tuzogenda kubandanya gukora ejo, tuzobirangure neza kuruta.
          Ngira ngo mwabitegereye, nk'uko ndabitegera jewe. Turi abakristu, twabaye abakristu ngo tubere abandi abasubirizi ba Yezu, tugende kurangura ubutumwa bwiwe. Intumbero ya mbere yo kuba abagendanyi ba Yezu ni ukugenda kurangura ubutumwa bwo kwigisha Ijambo ryiwe, cane cane mu kugirira neza abo bose tuza guhura ku nzira tubamenyesha ingene Imana se wa Yezu ibakunda, nk'uko Yezu nawe adukunda.
          Inyigisho ya kabiri nsanga muri ico gisomwa ni uko twogaruka kenshi na kenshi mw'ikoraniro rya Yezu, ari kumwe n'abandi bagendanyi biwe, ngo turuhuke gatoyi twongere dutere inkuru, tumenyeshe ivyo twakoze, tumenye n'ivyo abandi bakoze, ngo turonke izindi nyigisho, turonke n'izindi impanuro zizodufasha kuzogenda ejo kubandanya kurangura ubutumwa.
          Yezu ntakeneye kwumva ibisabisho, akeneye kwumva inkuru y'ivyo twakoze n'ivyo twananiwe gukora. Yezu akeneye kubona akanyamuneza dufise ku vyiza twashoboye kugirira abandi kw'izina ryiwe, nawe Yezu, avyumvise, anezerwe hamwe natwe. Yezu akeneye kwumva ingorane twaronse ku nzira ngo adufashe dushobore kuzozirinda ejo.
          Ng'ako, bagenzi, akamaro ka mbere k'Ukaristiya. Tubanza gusangira Ijambo, turyishura umwe umwe uko dushobora mu gacerere k'umunwa, ariko mu kayago ko mu mutima. Vyoba vyo kandi, twosangira ijambo abandi badushikiriza. Muri ayo majambo y'abagenzi dukoranira hamwe, ijambo rikuru ni irya Yezu, ari ryo rizodufasha mu bundi butumwa dutumwe kuzorangura ejo.
          Muri uku kwezi kuza, mu bisomwa tuzosoma mu misi y'Imana, tuzokwumviriza izindi nsiguro zerekeye Ukaristiya ico ari co, n'ingene twoyihimbaza. Uyu musi twumvise insiguro ya mbere, ng'iyo: Ukaristiya isigura gushira hamwe ubutumwa twaranguye ejo kahise, ngo tumenye ingene tuzoburangura neza kuruta ejo kazoza. Amen.